Kirundi / Kirundi

Inyishu ku bibazo vyerekeye ururimi rw’amavukiro canke ingene umwana ashobora kurwigishwa

Ninde ashobora kuronka inyigisho z’urwo rurimi?
Umwana afise urundi rurimi rw’amavukiro atari igisiwedwa akaba kandi  afise umwe mu bavyeyi  biwe  avuga urwo rurimi. Umwana ategerezwa kuba afise ubumenyi bw’intango y’urwo rurimi akaba akwije n’imyaka isabwa yo gutangura kurwiga. Iyo ivyo bisabwa umwana abikwije araheza akaronka izo nyigisho.

Nogira iki kugira umwana wanje aronke inyigisho z’ururimi rw’amavukiro?
Bigirirwa kw’ishure aho umwana wawe yiga. N’ukubamenyesha icifuzo cawe ko ushaka ko umwana wawe yiga urwo rurimi.
Uwurongoye iryo shure ryo kwimenyereza araheza agaca abisaba abamutwara, nabo bagaca bandika uwo mwana kugira ashobore gutangura. Ivyo biheze, uwujejwe kumwigisha aca abimenyeshwa akaronka izina ry’uwo mwana hanyuma agaca agenda kw’ishure kuvugana n’umukuru waryo ivyerekeye izo nyigisho.

Akamaro kuko umwana yokomeze ururimi rwiwe rw’amavukiro n’akahe?
Biratuma umwana agira ubushobozi  bwinshi  bwo kumenyana  n’umuryango wiwe hamwe n’incuti. Kubera ururimi rw’amavukiro, biratuma umwana amenya cane n’ururimi rw’igisiwedwa .Mu bihugu vy’i Buraya barashizeho ivyirwa nyamukuru  umunani umuntu ategerezwa kumenya, bubiri muri ubwo hariho kumenya ururimi rw’amavukiro hamwe no kumenya ururimi rumwe rw’abanyamahanga. Kumenya akaranga navyo nyene bijana n’ivyo kwiga ururimi.

Umwana ashobora kwiga ururimi rw’amavukiro kuva ku myaka ingahe?
Kuva umwana atanguye ishure ryo kwimenyereza bikava kandi k’uburyo buriho.

Umwana wanje azoronkera izo nyigisho hehe?
Umwigisha w’urwo rurimi asanga umwana aho yiga canke kurindi shuri riri hafi. Ku ndimi zimwe zimwe, izo nyigisho zirashobora kubera mu kibaza kimwe kiri hagati baba bateguye kugira abo bana bahahurire.

Umwigisha w’ururimi rw’amavukiro akora gute?
Dukora nk’abandi bigisha bose dukurikije programa y’inyigisho hamwe n’ibikoresho nk’ibitabo n’ibindi. Turaja mu bikorwa vyose abana bakorera mu mirwi ku mashure. Bituma rero umwana aca ubwenge, akungura ubumenyi  bwo gutahura no gutandukanya ibintu vyaho aherereye.

Ninde ariha izo nyigisho?
Izo nyigisho zirihwa na komine Uppsala.

Umwana wanje arashobora kwigira rimwe indimi nyinshi?
Ego cane, umwana arashobora kwigira rimwe indimi nyinshi.

Nogira iki kugira mfashe umwana wanje gukomeza ururimi rw’amavukiro?
N’ukuvuga cane urwo rurimi kandi ugakoresha ururengeye gatoyi urugero agezeko kugirango ubumenyi bwiwe bwisununure. Ni ngombwa rero gukoresha amajambo y’insiguro, nk’akarorero    ”urashobora gushira ico gitabo kuri irya meza itukura ” aho kuvuga uti gishire harya.
Gusoma ibitabo navyo nyene birakenewe cane, urashobora kubitira mu mazu y’ububiko bwavyo. Kugenderanira n’abandi bantu  canke abana bavuga urwo rurimi birafasha cane.

Tuvuga ururimi rw’amavukiro imuhira, ntivyoba vyiza tuvuze igisiwedwa kubera nirwo rurimi benshi bavuga muri Siwede naho atari ururimi rwacu rw’amavukiro?
Ni ngombwa cane kuvuga iminsi yose ururimi rwawe. Nirwo utahura neza, uvuga neza , ushobora gushikirizamwo ivyiyumviro vyawe. Muri ubwo buryo rero, umwana yumva ururimi rwiza kandi rukwiye ashobora nawe gukoresha.

21 september 2015